Ntawokwirengagiza ayahitiye kuri bano bantu babiri, ubona ko bari basa nabigaruriye imbuga ngurukana bumenyi ,inkuru tutogarukako cane, ariko twokwigarukira kurukundo rwa Norasque n’umugore w’icamamare mugukina amareresi mugihugu c’uburundi Fany Lavine inyuma yo kumara igihe bivurwa ko uwo mugore yoba asohokana na Libert batazira Nsoro, ariko munyuma akaza gutangaza ko Fany Lavine arumuntu mubi, aho yagaragaje ibibi yagiye aramukorera.
Mugihe Libert yakomeza kuvuga vyinshi niko uko bukeye uko bwije Norasque na Fany Lavine bakomeje kwerekana ko ivyurukundo rwabo bikomeye.
Kuruyu mugoroba hakaba hasohotse amafoto yerekana bambikana impeta, Norasque asaba Fany Lavine kuzomubera umufasha w’ubuzima bwiwe bwose; Ninkuru imaze umwanya muto ariko ubona ko ikomeje kuvurwako cane, aho abatari bake bavyamiriye kure bavuga ko bidashoboka, ahubwo ari Film bariko barakina.



Ariko ico twobabwira nuko abo bompi atanumwe aragira icashikirije kurayo mafoto yamaze gukwira hose.
Mbega wiwe wibaza ko vyukuri Norasque na Fany Lavine boba bagiye kubana?
Un commentaire
Akananiye umugabo kananira uwundi umugore amaze kubingare akaba atubah nuwamuha imodoka akavuga kwaripbwa,umuntu atuzura ww uzokora iki ngumushimishe? lmana yonyn nitizotuma bikunda