Umuririmvyikazi akunzwe cane muri kino gihe mugihugu c’uburundi eka no mukarere ka Afrika y’ubuseruko Monia Fleur , ahejeje kwandika amajambo asa nkayo kwirekura yigamba kubamutwaye imbuga ngurukana bumenyi ziwe, aho ugerageje gusobanura ayajambo asa nkuwerekana ko naho bamutwaye izo mbuga ko ataco yahomvye, bimwe abarundi bavuga ngo uwukwivye ntaba aguciye amaboko.
Monia Fleur umwaka ukaba urangiye atanguye gukoresha gushasha imbuga ziwe nka Youtube ubu igeze kuba Subscribers 40.2k hamwe n’urubuga rwa Instagram ageze kuba Followers 135k, Akavuga ko igihe izombuga ziwe zibwa bagerageje kuzigarura biranka ahitamwo kuziheba; Akaba yashimiye cane uwitwa Irely Tazoi, Ncuti Ya Bose n’abandi bakomeza gutuma imbuga ziwe ubu zirindwa bikomeye.
« Mumwaka uheze naribwe urubuga rwa youtube nurubuga rwa instagram
Ncampitamwo kubiheba kuberako ntabona aho nohera kandi nsubira gutangura But thanks to my team @irely_tazoi @ncuti_yabose @b3official_ @ijoco2 today we’re strong enough Ivyo twatakaje twarabirwije incuro zirenga cumi mu mwaka umwe #impolis «