Abatari bake bari barindiranye igishika indirimbo nshasha y’umuririmvyi O.L.G Olegue kuruyu musi igenerekerezo rya 20 Munyonyo 2023 inyuma yigihe kinini abakunzi biwe bamusaba ko yobaha indirimbo nshasha mugihe uyu muririmvyi we yari yibereye mugacerere asa nkaho ataco yinona, ivyo bikaba vyatumye bamwe bibaza ko ivyo kuririmba ashobora kuba yarabihevye.
Hakaba haheze imisi mike atangaje ko agiye gusohora indirimbo yise #Ntaruhusha, indirimbo bitagikunze ko isohoka kumvo yuko we avuga ko ahananini abakunzi b’umuziki bari mukigandaro inyuma yo kubura abariririmvyi babiri Miss Erica na Sam Over Mix mumisi ibiri ikurikirana.
Olegue akaba yavuze ati:
« Kumvo zuko turi mukiriyo abaririmvyi, Indirimbo yanje nshasha ntigisohotse ejo ! Tubandanye tubasabira, dusenga natwe »

Abatari bake bakaba bakunze iyo ngingo kuko bavuga ko yerekanye urukundo rudasanzwe.
Mbega wewe ubivuze kw’iki?