Mugihe Abarundi n’inciti z’uBurundi bari mugahinda kadasanzwe wo kubura abaririmvyi babiri Miss Erica na Sam Over Mix mumisi ibiri ikurikinara, ubushikiranganji bw’imigenderanire muri africa y’ubiseruko, urwaruka hamwe n’inkino n’imico kama bwahojeje imiryango y’abo baririmvyi ndetse n’abakunzi babo muri rusangi muri tweet yaciye kurubuga rwa X rw’ubwo bushikiranganji.

Ibi bikaba vyanezereje benshi cane kuko mumyaka iheze bavuga ko naho urwaruka rwahura n’ibibazo utigera ubona kumbuga z’ubwo bushikirangaji babivizeko, bamwe bati biraryoshe kubona ko ushigikiwe n’umuvyeyi, iyo ugize ikibazo akagiserukako.
Abatari bake bagasaba ko ubwo bushikiranganji bukwiye no gutera iyindi ntambwe mugufasha gufubana iteka abo baririmvyi.
Giricuvuze kuriyi nkuru, uciye muri Commentaire.