Hari agafoto kaguma gacanacanako kumuririmvyi Masterland afatanye na Mow Kanzie mugiteramo ca Friends of Amstel cabereye ingozi ahitwa Belvedere kumusi wejo, ako gafoto kakaba ari kamwe mumafoto menshi yafashwe murico giteramo ariko ako gafoto kagakomeza kuvurwako menshi bivanye nukuntu abo baririmvyi biboneka ko bari barwatiranye bikomeye bimwe bita umubiri kuwundi.

Wihweje neza kumafoto urabona ko hari igihe Mo’w Kanzie yaduze kuri Stage atambaye ikoti asa nkuwirekuye, ariko ayandi mafoto akamwerekana yambaye ikoti rya Masterland ubona ko yari yaduze kuri Stage nawe aryambaye mugihe Sound Checking eka mbere iryo koti rikaba ryari rinamenyerewe kuri Masterland kuko yaheruka gushira ahabona amafoto aryambaye.




Bamwe muma Commentaires bati Ubumwe berekanye gushikaho banabigaragariza n’imbere yabantu kuri Stage , i Mbeho y’i Ngozi ntiyaraye ibemereye kurara ugutandukanye narirya biboneka ko masterland yamwitayeho bikomeye, ariko sabo gusa kuko hari abagarutse kukuntu Mo’w Kanzie asanzwe yisanzura eka ngo n’umuntu ashikirana cane na buri muntu.