Kumusi wejo abaririmvyi Kirikou na Double jay baramenyesheje ko uyu musi bashika mugihugu c’uburundi bavuye i Buraya aho bari bamaze imisi mubiteramo bitandukanye, ariko hakaba haranavuzwe ikibazo co gutakaza Password ya Kirikou munyuma aza gutangaza ko yahavuye iboneka, aho mbere kirikou yasubiye aributsa abantu ko ikibazo cari cabaye cakemutse anasaba ababishoboye kuza kubategera kukibuga c’imdege c’itiriwe Merchiol Ndadaye uyu musi igihe c’isaha zibiri zijoro(20h00).
Wawundi ngo amagorwa ntasigayandi, haraheze isaha uwo muririmvyi anenyesheje ko ivyo gushika uyu musi bitagikunze ko harikindi kibazo cabaye.
« 🔴 NTAWUGENDA AVUGA NDAJE
Mu rugendo twariko turagira rudutahana iwacu #Burundi twongeye guhura n’ibibazo bitatuvuyeko.
Nagira menyeshe nongera nsaba imbabazi abakunzi, abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru bari biteguye kuza kutwakira uyu munsi isaha zibiri z’ijoro, ko bitakunze ko dushika kw’itongo rya basokuru uyu munsi nk’uko vyari vyitezwe.
Murakoze! Turabakunda cane! »

3 commentaires
daktilogibigibi.QxB3UBeb9AtN
daxktilogibigibi.Ik8W7zeV29Ee
potboil xyandanxvurulmus.RZu4ErNjyksT