N’umuririmvyi amaze igihe gito mumuziki ariko akomeza gukora ibidasanzwe bigatuma akomeza kwigarurira imitima ya benshi kubw’indirimbo ziwe akora zigatuma abantu bamugirira urukundo rudasanzwe, ninavyo bituma akomeza kwizerwa mubiteramo bikomakomeye mugihugu c’uburundi n’urwanda eka n’amashirahamwe agakomeza kumwizera aho anaheruka gusinga amasezerano yo kwamamaza ishirahamwe ryo gutigira 1XBET inyuma y’umuririmvyi Sat B nawe yatangaje ko iryo shirahamwe ryamuhaye amafaranga menshi cane.

Kuruno musi Drama T abicishije kumbuga ngurukana bumenyi akaba yatangaje ko imodoka nshasha igiye kuza kuko iri munzira, ahubwo ko yiteguriye kuyakira, nkuko mubibona kwifoto akaba yakoresheje ifoto yerekana Plaque izoba ifise.
Nakahe kajambo womubwira?