Mugihe umuvugabutumwa akongera akaba n’umuririmvyi Past. Lopez Nininahanzwe akomeza kwigarurira imitima yabenshi nacane cane biciye mundirimbo mpimbazamana be n’ubutumwa ashikiriza abishije murusengero rwiwe.

Hari kuruyu musi igenekerezo rya 10 Aho hatunganijwe Ikiganiro kubanditsi n’abamenyeshamakuru mukibanza ca CEPRODILIC Aho bashikirije kumugaragaro ingene ibikorwa vy’igiteramo Ntibesha Worship Concert bigiye kugenda, Igiteramo kizoba kw’igenekerezo rya 14/07/2024 kuri Jardin Publique guhera igihe c’isaha c’umi (16h00) Ico giteramo kikaba c’itiriwe Indirimbo Ntibesha y’uwo muvuga butumwa.

Ico giteramo kikazoba kirimwo Abaririmvyi bitandukanye nka Apollinaire Habonimana Hamwe n’umurwi MTC(More than Conquerors) ugezweho muri Kino gihe nkuko nabo banashoboye kwitabira ico ikiganiro kubinyamakuru.


Umuvuga butumwa Apollinaire ati narakubuze cane iciyumviro ca Paster Lopez bituma numva nomushigikira muburyo bushoboka , Eka ngo ariteguriye cane gukora ibishoboka kururwo musi uwahashitse aze atahane umugisha n’ishumwe n’umutima.
Nayo Michel asanzwe arongoye umurwi MTC ngo gutanga Umunezero no kubohira imitima nivyo bagenewe, aho asaba abakunzi babo kuza kubashogikira Kuko uwo musi Uzoba udasanzwe.
Kukijanye muburyo bwo gutunganya Ico giteramo narirya hatitezwe inyungu iva kubazoriha mukwinjira muricogiteramo, Paster Lopez ATI iki gikorwa nasavye Imana kugitunganya ubwayo Kuko nashatse kwanka Kuko nabona atamahera mfise ariko Imana integeka kugitunganya Kandi insezeranya ko bizogenda neza, Ubu Aho bigeze Haka hari abatari bake bamaze guterera Ico gikorwa harimwo n’amashiramwe atandukanye.
Ayandi Mafoto





