Haraheze akanya kumbuga ngurukana bumenyi hazunguruka agafoto(Screenshot) kriko amajambo adasanzwe, vyerekana ko yavuye kurubuga rwa X kuri page y’umuririmvyi Kirikou.

Tukibona iyo Post twagerageje gucukumbura ahanini turondera ko iyo Account vyukuri ari iya Kirikou dusanga uwo muririmvyi ntarubiga rwa X akoresha nkuko mumbuga ahora amenyesha akongera gusaba abakunzi biwe kumukurikirana rutarimwo.

Kuri Ista-Story yiwe, eka no kuri WhatsApp Status yiwe akaba yafashe ya Screenshot araheza yandikako ijambo « Désolé » vyerekana ko muvyukuri atashatse kubivugako mvyinshi.

Ubandanije usoma ama Tweet kuri yo Account kuri X urabonako ama Post iyo Account ishobora kuba aruwitiriye kirikou avuga nabi abaririmvyi babarundi mukubifatira mugahanga atakurya umunwa.