Inyuma y’igihe kitari gito ihiganwa ryo mu mwaka wa 2023-2024 rirangiye, ishirahamwe ry’umupira mu Burundi FFB ryamaze gusohora ikirangaminsi
Iryo higanwa rikaba rigiye gutangura Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 23 Myandagaro Uno mwaka, rikazokwitabirwa n’imigwi 16 nkukwo vyama Kira mwaka.
Ukwo ihiganwa rirangiye haraboneka imigwi ikoroka ikamanuka mu Cicaro ca Kabiri,Uno mwaka imigwi ya korotse ni Magara Young Boys,Tel-Aviv hamwe Tigre noir wo mu ntara ya Makamba
Ariko kandi,iyo habonetse imigwi ikoroka haca haboneka n’imigwi iduga ivuye mu Cicaro ca Kabiri,imigwi yaduze mu Cicaro ca mbere ivuye mu Cicaro ca Kabiri ni:Ngozi City,Ac Deira hamwe Royal Vision 2026.
Mu mwaka w’inkino wa 2023-2024,Umugwi Vital’o FC niwe watahukanye igikombe mugihe Flambeau du centre waje mu kibanza ca Kabiri,Musongati ufata ikibanza ca gatatu ariko kandi Rukinzo Fc ufata ikibanza ca Kane.
Ubwo ninde agiye gutahukana igikombe c’uno mwaka w’inkino wa 2024-2025?