Haraheze akanya kumbuga ngurukana bumenyi cane cane kurubuga rwa Facebook hacanacanako inkuru y’umuririmvyi Alvin Smith n’umufasha wiwe Nirna, Ngo Ntibikiribanga Aka kanya tuvugana ntibakiri umugore n’umugabo.
Abarundi barayamaze ngo urukurukuru niyo nkuru,
Ivya Alvin Smith na Nirnah harababiteze imisi bakibibona, Atagihe kinini giheze bakoze ubukwe, abo bompi baje gufuta amafoto yose bifotoje barikumwe kumbuga basanzwe bakoresha maze inkuru itangura kunurwanurwa, Munyuma baje kubwira ibinyamakuru ko atakibazo bigeze bagiranira.
Vyagarutse kunurwanurwa igihe uyu muririmvyi yatangaza ko yashinze Label yise La Vache Entertainment maze ayishiramwo umwigeme yitwa Tasha Oda amukorera indirimbo yambere yise Old Man, Uwo mwigeme yatanguye gutera amakenga abakurikirana ivya Entertainment kuko yagumana hafi cane n’umuririmvyi Alvin smith ahatandukanye. bamwe bakibaza ko uwo mururimvyi ashobora kuba amwikorako narirya Nirna we igihe kinini akimara Muri Canada.
Wawundi ngo itavyaye inyana ivyara ishuri, Ngibi birabaye igihute kiramenetse , atagahato Alvin Smith wenyene abicishije kurubuga rwiwe rwa Facebook ati:
« Nabonye abantu baguma bambaza ibibazo vyinshi kuvyerekeye mariage yanje plz
NB: Nirna ntitukiri kumwe rero ivyakora vyose ntibindaba kandi ntimugume muntaginga kuma post yanyu. Murakoze »
Ivyo bikaba bibaye mugihe hari hazindutse haboneka ifoto ya Nirna arikumwe n’uwundo musore ataramenyekana.
Iyi nkuru wewe wayakiriye gute? Andika muri Comentaire iciyumviro cawe.
Raba Video Kuri Youtube