Vyatanguye kugaragara imishamirano hagati y’abaririmvyi Bamwe bamwe hamwe n’wusanzwe ategura ibiteramo Dj Paulin aho bavuga ko ataco amariye umuziki w’uburundi atari gufatirana abaririmvyi b’abarundi ababwira ko ariko arabafashe kumbe hari ibindi vyinyegeje inyuma yavyo , muri abo baririmvyi harimwo Sat-B, Big Fizzo, Double Jay,Mb Data , B Face na Drama T
Mukutumvikana Kwa Double jay Na Dj Paulin kundirimbo SINOKWIRARANA yakoranye n’umuririmvyi Jose Chameleon Aho Dj Paulin Avuga ko igikorwa cari iciwe kuva kuntango gushika kwiherezo Double jaye akagisohora ataco arinze kubaza Dj Paulin ,mugihe Double Jay nawe avuga ko ataruhara na rumwe yarayifisemwo bica birangira Dj Paulin Indirimbo ayifutishije kumbuga ari naho umuririmvyi Kirikou Akili Nawe yabijemwo kuberako asanzwe ari hafi cane n’umuririmvyi Double jay muco bise Biliman Boy.
Kuri Sat-B we Mukiganiro yahaye zimwe munsamirizi yavuze ko Dj Paulin yibutse ivyo yamukoreye yoca akorora amosozi Kuko yamwagirije ko ariwe yamufashije guhura kwiwe na Meddy Wo mu Rwanda Kugira bakore igikorwa Beautiful cabaye bumwugururire amayira menshi, akamenyesha ko ahubwo ariwe yamuhujije na Medy Kugira ngo businesses ziwe zibandanye zikomera.
Uwo murwizatunga Dj Paulin Kubera imyidogo y’abo baririmvyi yatumye abakunzi babo banka urunuka Dj Paulin mugihe twari Dusanzwe tuzi ko yakorana n’abaririmvyi ibikorwa bikagenda neza cane cane Umuririmvyi Mb Data Kundirimbo nka DODA arikumwe na B Face , Drama T kundirimbo nka YOUR LOVE arikumwe na Juno Kizigenza Aho ubona ko yo mumyaka ibiri Imaze igeze kubayiravye barenga Imiriyoni 7 (7M Views).
Ariko n’ubwo biriko hari abandi baririmvyi bakoranye na Dj Paulin ataco baramuvugako nka Vania Ice ,R Flow , Meili hamwe na Chris MB we atigeze aramba kuko urwanko rwa Dj Paulin n’abaririmvyi rwatumye aheba ivyo gufasha abaririmvyi babarundi.
Tugarutse kuvyo umuririmvyi akomeye cane Sat b ari mubidogera uwo murwizatunga wewe arakeza abo baririmvyi kundirimbo yabo baraye basohoye akagira ati:
« Ingumu n’ibifunsi muduha, akenshi abasani tubivyazamwo inyungu. Umpaye Services y’ingumu canke igitutsi , ndaguhata iyindi tu badae kandi uzoguma uyumva mpaka. urumva vy’ukuri nimagiriranire. Mwiyubare.🔨🔧
Akili we arabikunda cane naje yarampaye ngo dog niko biz nik biz.😂🫵🏾 «
Musomyi Mbega Sat-B gushigikira iki gikorwa caba baririmvyi kirimwo amajambo asa naho yiyamiriza abantu bafata nabi abandi mukubasuzugura n’ibindi vyoba arivyo vyatumye ashigikira ico gikorwa ko no mumasanamu y’iyo ndirimbo usangamwo aga photo k’umurwizatunga Dj Paulin ? Mbega Ibi bintu vyaba bahungu bigiye guherera hehe ?
Raba indirimbo Nta Ga So kuri Youtube