Umuririmvyi Kirikou A Kili iri joro araye mu gihugu c’uRwanda aho ajanywe n’igiteramo kizoba kw’igenekerezo rya 19 uku kwezi, Ico giteramo kikaba kirimwo Bamwe mu baririmvyi bakunzwe cane murico Gihugu nka #Bushari, #DavisD #Diez Dola n’abandi…
Kirikou akaba yakiriwe neza nk’uwararindiranywe igishika narirya Indirimbo yiwe Aha Nihe iriko irabica bigacika murico Gihugu.



Mubibazo bike yabajijwe n’amenyeshamakuru agishika ku kibuga c’indege, yabajijwe uko umuziki w’uRwanda uri kwakirwa mu Burundi kino gihe ndetse n’indirimbo yabo yoba ikunzwe cane, akaba yishuye ko atanimwe ikunzwe, ko ubu abarundi bajijutse bakunda ivyabo cane.
Mubwire akajambo Kirikou, MBega inyishu yatanze uyumva gute?