Inyuma y’imyidogo yabakunzi ba Yoya Jamal ko yabanyoteje uyu musi agatima karera, ngo barirutsa ko ico bari barindiranye igishika kigiye kuja mungiro, bamwe bati turabonye ko utayaga amasigara cicaro n’ubwo benshi Icizere kitari kikiri ikirenga.
Ivyo biruko mugihe hari haheze imyaka myinshi uwo muririmvyi atumvikana mumuzi biturutse kuko yari yaravuye mugihugu c’Uburundi akaja mugihugu c’ubwongereza kumvo yamashuri
Ariko munyuma yahavuye yibuka abakunzi biwe benshi bamumenye kubwimpano y’umuziki kwigenekerezo rya 30 Nzero abahereza indirimbo yise Nyakabiga, indirimbo yakunzwe cane ubona ko igeze kuma Vues 311,238 (311.2K) kurubuga rwa Youtube.
Unomusi akaba yatangaje abakunzi biwe indirimbo nshaka yise #Tina igiye kuza irikumwe n’amasanamu.