Hari kumusi wa mungu aho umuririmvyi rurangiranwa muri Afrika Diamond yateramisha abanyarwanda mugiteramo cishwe « African Giants Festival » igiteramo uwo muririmvyi yavuye kuruvyiniro abaraho bakimunyotewe.
Nigiteramo cabayemwo vyinshi mbere bikomeza gutangaza benshi hirya nino aho umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yari yahishikiye arikumwe n’umutambukanyi wiwe.


Amwe mumajambo uwo muriririmvyi yashikirije yaragizwe ahanini no kwerekana umunezero afise aho yanamukeje avuga ko President Kagame amwishimiye ndetse anasubiramwo incuro zitatu ko amukunda, Akaba yanamukeje kukuntu yitanga ngo uRwanda rukomeze gusasagaza amahoro ndetse n’isuku rira gwa mugisagara ca Kigali.
Mwijambo ya Président Kagame ngo Abanya Frika turi ibihangange ntiwari dukwiye kuza turavyibutswa, ubumwe bacu ni wo twari dukwiye kwama duhagararira.

Yibukije abaraho afatiye kwimenyana ryiwe n’umutambukanyi wiwe ko we yavukiye mu rwanda akurira mu Buganda mugihe umutambukanyi wiwe nawe yavukiye i Burundi baraheza bahurira muri Kenya, Kubwiwe ati iki ni kimwe mu yerekana ko Afrika turi bamwe.