Haraheheze imisi umuririmvyikazi akunzwe cane muri kinogihe mugihugu c’uburundi ashize habona amajambo yateye amakenga abatari bake, aho ayo majambo yatumye benshi bamwagiriza ko yoba ari mubasanzwe baryamana basangiye ibitsina abo bita « Lesbiennes » mururimi rw’igifaransa
Monia Fleur akaba anasanzwe atera ibibazo benshi kubijanye n’akazi yoba akora gatuma aguma agenda mubihugu bitandukanye, akaba akunze kuboneka i Dubai hamwe no mubindi bisagara bikomakomeye ariko ntiyerekane vyukuri Business aba ariko ararangurira murivyo bihugu, Nubwo biruko akaba arumwe muvyamamare i Burundi bitigera vyerekana abo baba barikumwe murukundo, nkuko mugenziwe Mow Kanzie yabishikirije mukiganiro kuri imwe mumboneshakure zikorera kumbuga ngurukanabumenyi mugihugu c’urwanda, ngo banka ko abantu baca babateranya nabo bakundana niyo mpamvu bahitamwo kubigira ibanga.
Monia Fleur akaba yashize ahabona ifoto y’ibiganza bifatanye nkivyabakundana araheza yandika ano majambo abicishije kuribiga rwiwe rwa X
I love You cheri 😭😂
Ntimuzovuge ngo sinamuberetse

Bamwe bakaba bamusavye ko yomwerehana mumaso, abandi bakaba basa n’abatavyemeye ko ako gafoto gashobora kuba arako yatoye ahantu kugira abe aravugisha abasanzwe bamukurikirana kumbuga.
Mbega nawe uri mubibaza ibibazo kuruyu mwigeme, Nigiki kikuyobera kuriwe?