Nkuko vyagaragaye kw’ifoto yashize kuri Insta-Story yiwe Umuririmvyikazi Esther Nish yatangaje ko yaraye agize isanganya kwibarabara ryitiriwe 28 Novembere ariko Imana yarakinze ntaco yabaye.

Agira ati : « Ibihe bibi vy’imisi mikuru tubirimwo ubu, abasenga nukuri dusenge cane. Kandi tureke Imana yitwe Imana yaraye inkuye mu mwobo w’urupfu. Abemera Imana mumfashe gushima».

Esther nish akaba arumwe mubaririmvyikazi bakomeza guterimbere biciye mumuziki aho inyuma yo kwizerwa n’ishirahamwe Brarudi mumahiganwa ya Primusic aho yatowe nkumwigeme umwe rudende kuba muba Ambassadeur biryohiganwa, akaba anaheruka kwizerwa mubirori bwa Africa Celebrities 2023 vyabereye Adis Abeba muri Ethiopie aho yashoboye guteramisha ivyo bororibere bikaba vyarangiye umurwi w’abarundi Troupe Amagaba utahukanye ikibanza ca mbere; Esther Nish ubu akaba aharurwa mubaririmvyi babarundi bagendera mungendesha zabo.
Ntakindi twokora atari kumuha Pole kuvyataye bimushikiye.