Inyuma y’imisi itari mike umuririmvyi Drama T hamwe na B Face bari muri Zuguruzuguru bapfa indirimbo Kode birangiye Drama T abihombeyemwo kuko indirimbo yarimaze igihe gito kurubiga rwiwe rwa youtube yamaze gufutwa kururwo rubuga yagirizwa kubamwo Copyright.

Imbere yuko iyo ndirimbo ijako benshi bari biteze ko iyo ndirimbo bitazukunda ko ijako kuko B Face yari yamwitanze imbere ashirako iyo bakoranye, maze Drama T ahitamwo guhindura tumwe tumwe muriyo ndirimbo bibona gukunda none birangiye imikenyuro yose iguye mumazi.
Abicishije kuri Insta Story yowe yagize ati:
« I JUST RECEIVED AN EMAIL IVUGA KO INDIRMBO YANJE BAYIKUYE KURI YOUTUBE. NINGWANO NYINSH NDIKO NDAGERAGEZA KUGWANA NDAZITEGWA NABARUNDI BAGENZI BANJ, ARIKO TWIZERE KO BIZA GUCA MUBURYO IBINTU BIKAMERA NEZA
MURAKOZE KUTWIHANGANIRA »

Kugezubu tukaba tutaramenya uwoba yatumye iyo ndirimbo ikurwa kurubuga rwa Youtube.
Mbega wewe aya makuru uyakiriye gute?