Uyu musi kw’igenekerezo rya 25, Niho haramutse haba amaziko y’umuhisi Miss Erica , yakunzwe cane mundirimbo zagiye zirakundwa kurugero rudanzwe , aho yitavye Imana kwigenekerezo rya 17 Munyonyo.
Imbere yuko uyu musi wamaziko ugera hakaba hari haraye hatunganijwe ibirori vyo kumusezera (Soirée d’hommage) vyabereye kurugo iwe mu kinindo, aho hakaba hari abaririmvyi batandukanye, abamenyeshamakuru, incuti ababanyi n’abagenzi, aho abatari bake bamushingiye intahe yukuntu yarameze, hakaba harimwo no kuririmba indirimbo ziwe muburyo bwa Live music, ivyo birori bikaba vyatunganijwe n’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi(AMB)



Murubanza nyezina rwo kumushingurana iteka kw’itongo ryabapfuye ryo ku Mpanda, hari hashoboye gushika abantu isinzi, Abafana, Abaririmvyi batandukanye, abamenyeshamakuru, abagize ishirahamwe ry’abaririmvyi muburundi hamwe nabaje bavuye mubushikirangaji muvyo bujejwe harimwo urwaruka, inkino n’imico kama.


Kimwe muvyanezereje abantu kikaba aruko Isandugu ryiwe ryashoboye gufukishwa ibendera ry’igihugu nkuwakoreye igihugu, kimwe mubitari bimenyerewe mubaririmvyi bagiye baritaba Imana, Ibi bikaba ari bimwe mubikorwa ishirahamwe AMB bavuga ko bashoboye kurwanira mpaka barabishikako kuko biheza bikerekana ko umuririmvyi afise agaciro.
Ntakindi twokora atarukumwipfuriza kugira uburuhukiro bwiza.