Nkuko twabibambwiye imbere munkuru twabashikirije ijanye n’ukugene amaziko yagenze, vyabonetse ko abaririmvyi batandukanye bashoboye gushika ku Mpanda guherekeza mugenzi wabo Miss Erica
Hakaba habonetse isanamu y’umuririmvyikazi Belle 9ice yicaranye n’umukunzi wiwe Sat B Ariko akorora amosozi yamurenze, nkuko bishikira benshi kumaziko kuko bitaba vyoroshe kwigumya iyo wibutse ko uwawe mutazosubira kubonana kuriy’isi y’abazima.


Mwomenya ko Belle 9ice na Miss Erika bar’incuti z’akadasohoka, mugihe Belle 9ice arumufasha wa Sat-B , Miss Erica we akaba yarigeze kuba umukunzi wa Manageur Kent-P babanye bose munzu imwe bahujwe na Label ya Empire Avenue.