Abaririmvyi babiri Kirikou na Double Jay bubatse ico bise Biliman Boy, bakomeza kwandika amateka adasanzwe mumuziki, aho biboneka ko bakomeza guterimbere kumuvuduko udasanzwe.
Ni Bamwe mubaririmvyi babarundi bariko bagerageza kujabukana umuziki w’uburundi mubindi bihugu, aho ubona ko bano basore bamaze kwigarurira imitima yabenshi cane cane mugihugu c’uburundi n’urwanda, aho mbere murico gihugu bamaze kuhakorera ibitari bike.
Mugihe bamaze imisi murukurikirane rw’ibiteramo mubihugu vya Buraya aho bategekanya ibiteramo bine ariko bimaze kuba birenga bitandatu, aho haruhande y’ubufansa na Belgique hiyongereyeko Sweden na German, aho hose bakaba bariko bagenda bandika amateka adasanzwe.
Vyamaze kumenyekana ko muruku kwa 12 igenekerezo rya 22 bazoba bari mugiteramo ko kumurika Album ya Yago Pondat, umumenyeshamakuru akongera akaba umuririmvyi akunzwe cane mugihugu c’urwanda, ikaba ari Album yise Suwejo, Aho hazoba hari abaririmvyi batandukanye baba nyarwanda hamwe na Levixone wo mugihugu c’ubuganda, bikazobera muri Camp Kigali.
