Hazindutse ama tweet kurubuga rwa X y’umuririmvyi Sat B asaba ko abajejwe intwaro mugisata c’ubutungane ko bohaguruka bagakurikirana umwigeme azwi kwizina rya Nelly Nat asanzwe yagirizwa nabatari bake ko abifatira mugahanga, eka ngo kenshi anabambika ibara kumbuga ngurukanabumenyo.
Ukutumvikana kwa Sat B na Nelly Nat bikaba bshobora kuba vyavuye kumajambo uyo mwageme yanditse igihe Miss Erica yitaba Imana, amwe murayo majambo akaba aruko Nelly Nat akimenya urupfu rw’umuhisi Miss Erica yasimbiye kuri Statut za Whatsapp nkuko yama abikora yandika ko Miss Erica ahitanywe n’inda kandi ko yabifashijwemwo na Belle 9ice muka Sat B.
Sat B akaba yanditse ati :
Hari hageze aho @Burundi_Police Yisubiza Akazi Kayo kogutohoza katswe n’uwitwa @Nelly Nat. Uyu mwigeme aratumaze atwagiriza kwica nogukiza. Igiporisi kidahagurutse hazobaho Ukwihanira Bikomeye.
Amajambo acanishamwo abantu niyo yama avuga. Icitwazo ngo ni niece wa Mama Muvyeyi @Burundi1stLady.
Aho bigeze yinjira no mukazi ka Ministère Ndizera Ko ntari jewe je nyene mfise aya makenga canke ibi birego. Kubwivyo rero niba binaniranye twebwe abasaza biwe tuzoca inkoni tumunyukure Sawa Sawa. N’ubundi nta mpamvu yogusumbuwa abavyeyi biwe kwama bamugemurira.
Ntiyarekeyaho kuko , bahavuyr basa nabaguma baterana amajambo kururwo rubuga aho yasubiye ati :
« Uritaba Umwanya n’umwanya. Ivyo kuvuga ngo mama Burundi wambwiye mu Kigobe, Uriya Ni Uwa Twese. Ewana Jewe Ntuzanire Ububwa Ndakudida Ndakurahiye. »
Mbere na Nelly Nat akaba yamwishuye ati :
« Mwaramutse, icambere nagira ndakumenyeshe yuko hariho amazina adakinishwa kuzana mama Burundi mumatigo yanyu nukutubaha, ikindi urazana ivyemezo vyuko nandika ku basani nitwaza ubwo bucuti wewe ujaha ukavuga,ibindi turaja mubutungane ukuri gusase harageze kokumenyekana murakoze. »
Mbega birahererahe?