Inyuma gukora ibiteramo bitandukanye mubihugu bine vy’iburayi abaririmvyi Kirikou na Double jay batangaje ko bagarutse i Burundi naho hari beshi bari bakomeje kwibaza ko batazogaruka.
Ni murukurikirane rw’ibiteramo bakoze aho bavuye i Burundi bafise gahunda yo gukora ibiteramo bine mubihugu biriri, Ubufaransa n’ububirigi ariko munyuma biza kwiyongera, aho bahavuye batandukira igihugu ca Sweden hamwe n’ubudagi.
Aba baririmvyi imbere yuko bafata rutemikirere bakaba bafashe akanya barahura nabakunzi babo mugihugu c’ubufaransa muntumbero yo kubashimira no kubasezera.
Haruhande yigiteramo c’imurikwa rya Album y’umuririmvyi Yago mugihugu c’urwanda rizoba mumpera z’uyu mwaka aho abo baririmvyi bashoboye gutumirwa haritezwe kandi igiteramo gikomeye muntara ya Ngozi.
Komeza kubana natwe kugira wironkere amakuru meza kumwanya kumwanya.
2 commentaires
daktilogibigibi.jcQgmuYsEbtG
rolf xyandanxvurulmus.ECVKFFCEwQ7Q