Hari inkuru twari twabashikirije ivuga ko Kirikou yatangaje ko murugendo barimwo bahuye n’ikibazo, basaba amasengesho yanyu, abatari bake bibajije ko rishobora kuba arisanganya ariko munyuma vyahavuye bimenyekana ko atarisanganya ryabaye, Ahubwo mumakuru twabatohoreje Kirikou akaba yari yatakaje Passport ariko Imana ikaba yahaserutse Passport irasubira iraboneka.
Kirikou akaba ahejeje kwandika ano majambo ahumuriza abakunzi biwe, aho yagize ati :
« Igihe mvuga ko tugize ikibazo hari ababihaye iyindi ntumbero ariko ntamwanya tugifise wogutakariza abandi umwanya tubatesha umutwe, Imana ihabwe icubahiro ubu tumeze neza, abana bigihugu turitahiye 🙏🏽 Abanditsi hamwe n’abamenyesh’amakuru muze mudutere iteka kumusi w’ejo isaha zibiri zijoro, tuzobinezereregwa cane mutwakiriye nkuko muhora mubikorera ababanyi….
BurundiBwacuBurundiBuhire🇧🇮🤍🤞🏾 »
Mbega uriteguye kuja kwakira abo baririmvyi??
2 commentaires
daktilogibigibi.XCl6WcoKb4Ip
asthore xyandanxvurulmus.cvQi95g9a8ov