Kumisi wa pasika y’uno mwaka turimwo wa 2024 umuririmvyi Asanzwe Ari n’umukambwe Yakoze Kuva kera Lolilo Simba kuva muri Simba Gang yaratangaje ko kuri uwo musi azoja guteramisha abanyagihugu bo Mu ntara ya Gitega Aho bita MUGIHAMAGARA akazoba arikumwe n’umuririmvyikazi Inès Raguël.

Icaje gutangaza abantu benshi nuko muri ico giteramo kwinjira kuraba ingene Lolilo ateramisha azoba ari amafaranga 1000 Mumafaranga y’amarundi aho ukazokwicara ahasanzwe (Simple) hamwe n’amafaranga 2000 mubwugamo bw’iteka (VIP).
Abenshi bagize ico babivugako bamwe ngo ntivyumvikana K’umuririmvyi nka Lolilo ko kwoba ari ukwisuzuguza, abandi bati isorosoro rirwira iyo rija ashobora kuhakura amafaranga atari make bivanye ningene Mugihugu cose Lolilo akunzwe.
Ndakwibutsa ko Lolilo Aheruka gushira ahabona indirimbo Forever iri kurubuga rwa YouTube tukaba twiteze iyindi Ndirimbo vuba Nkuko yabimenyesheje.
Un commentaire
MUSHAKA iki yarishw MUSHAKA MUSHAKA 🤷 J nziko nizagusaha tuzirorra SINUMVA ikibazo Aho Kiri rro