Inyuma y’umwaka habaye Igiteramo kidadasanzwe c’ivugabutumwa ukubohoka no gukira imitima, cama kiba buri uko Umwaka utashe itariki y’indwi ukwezi kw’indwi (7/7).
Umuvugabutumwa Pfofett Of Jesus Joshua Joshua asanzwe arongoye urushengero SABOATH CHURCH DELIVERED FAMILY yaduteguriye Igiteramo cama kiba buri uko Umwaka utashe yise IVYUZUYE CROISADE kizobera Kukibuga c’umupira w’amaguru muntara ya bujumbura muri zone Kinama komine Ntahangwa.
Tubibutse ko agitanguza urushengero rwiwe Yahora akorera ico giteramo munyubakwa Zaho Asanzwe akorera Ariko Ubu akaba yavyungururije ahagutse Aho abantu benshi bazokoranira Ari benshi.
Amakuru dukesha we ubwiwe arabatumirira kwitaba ico giteramo kuko abafitiye vyinhsi azobogisha n’ibitangaza IMANA izokora biciye muri we.
Utibagiye ko Hari n’abaririmvyi baririmba Indirimbo z’imvugabutumwa (gospel) bazoba bahibereye.