Bibaye mu gihe yari mu banonotsi b’abarundi bari bitezwe ko yokwitwara neza,ntivyakunzeko agera kure,akaba ahejeje gusezererwa mu mugwi yarimwo mu kwiruka imetero 5000, akaba yabaye mu kibanza c’icumi,Égide yakoresheje umwanya ungana n’iminota 14’11 » .
Egide Ntakarutimana akaba ataronse amahirwe yo kuja mu rukino rwa nyuma Final kubera atari muri Cumi n’abatandatu ba mbere bakoresheje umwanya ushimishije.
Mu banonotsi b’abarundi baserutse mu gihugu c’Ubufaransa i Paris,Francine Niyomukunzi niwe asigaye,Nawe akazokwiruka Kuri uwu wa gatanu igenegerezo rya 9 Myandagaro, akazokwiruka imetero 10000.
Abamaze gusezererwa muri iryo higanwa bari baserukiye Igihugu c’uburundi ni Ange Ciella,Belly Crésus Ganira, Loïs Irishura, Célestin.