Haraheze igihe kitari gito atangarije abakunzi biwe ko yakubitiye kwa muganga kuraba umuririmvyi Aimable Tayaya yarakitswe n’amagara bidasanzwe maze aramufasha ndetse ahamagarira abakunzi b’umuziki kumushikako kuko amagara yiwe atarameze neza.
Kumusi wejo uwo muririmvyi akaba yaraye asubirije mundumane umuririmvyikazi Natacha aho yagiye kumuraba kuri Hotel Club du Lac Tanganyika amushiriye impene , Natacha akaba yarashimye bidasanzwe, akaba ahamagaraira abamukurikirana kugira umutima wo gutabarana eka no kwibuka gushima iyo watabawe.
Akaba yagize ati :
« Wari umunezro ntangere gusubira guhura n’Umuririmvyi #AimableTayaya naho amagara yiwe atarasubira kuba neza nkambere ariko ndibuka igihe naja kumuraba vyari biteye agahinda cane nukuri ndashima Imana kubwiwe.
Twame dukora ineza kuko ukora ineza ukayisanga imbere hari igihe dukora ivyiza bamwe ntibibuke gushima ariko Aimable TAYAYA wewe yibutse kudushimira kuvyo twakoze natwe turizeye ko agiye gukira neza caaane kubw’ukwizera dufise 🙏🏽❤️ «
Raba Video
Tubibutse ko umuririmvyi Aimable Tayaya yigeze kuba arumuririmvyi agezweho cane, benshi mukaba mwaramumenye kundirimbo zitandukanye nka « Ntumpindurire » arikumwe na Sal-G, Kidahaga, Ikidima arikumwe na Dj Chento, Wonsaza hamwe na Dj Chento na MB Data.
Gira icushikirije kuriyi nkuru.

