Afatwa nkuwudahangarwa kubutaka bw’uburundi mugisata ca video, yatandukiye n’igihugu c’urwanda aho yagiye arizerwa n’abaririmvyi bakomakomeye murico gihugu.
Ivyo guhinyanyura amasanamu yabitanguye nkabandi, abikomezanya namugenziwe Hugues Bana aho bagiye barakora indirimbo bafatanije zigatangaza benshi nkindirimbo Alima ya Masterland, Sabwe n’izindi zitandukanye amasanamu yazo akundwa kurugero rudasanzwe, Mumwaka wa 2019 niho yatoranye na Big Fizo amukorera indirimbo zitandukanye harimwo indirimbo niwewe
Yaje kumushira muri Label ya Bantu Bwoy yavutse muruwo mwaka nyene irimwo abaririmvyi batandukanye nka Kirikou, Elys Boy na Double jay, ico gihe Double Jay yamukoreye indirimbo uri Special abatari bake barayamanika, yarakoze nizindi nka Fye ya Big Fizzo, Washa ya Korikou, Suguwa barikumwe bose n’izindi n’izindi.
mugihe yariko akora indirimbo zabo muri Bantu Boy, yararekuriwe no gukora iz’abandi,
mumwaka wa 2020 yakoze indirimbo zirenga mirongo itatu, mumwaka wa 2021 akora izirenga mirongo ine.
Iterambere ryabaririvyi Kirikou na Double jay ntawobideha ko uyu mugabo atarifisemwo uruhara, kuko abo bose baje kuvana na Bantu Boy bahitamwo kwikorana ariko bakomeza ubucuti bwo gukorera hamwe biciye muco bise Bilimani Boy.
Murivyo bihe vyose bakirikumwe na Bantu Bwoy kumuvuduko udasanzwe,
kurundi ruhande naho ntivyari vyoroshe, aho ndavuga muri Empire Avenue kuko nabo bakomeza kwirwanako babifashijwemwo n’umuhinyanyuzi wamasanamu Akongera akaba Manageur Kent-p,
Munyuma Barifashishije umusore mushasha Kendi Dorector nawe yaje adasanzwe maze bituma abari bagize uwo murwi bakomeza guhagarara neza nubwo bitakomeje kwera dee
Izompande zibiri zasa nizidahuza muburyo buboneka, ariko bukebuke Sat B na Big Fizzo bagenda barerekana ko atakibazo bafitaniye.
Kumusi wejo niho Sat B yashira kumugaragaro ifoto arikumwe na John Elarts aho mukuyi Posta yagize ati : Buja Piano Project.
Eka Na John Elart ntiyihanganye yarayishize kumbuga ziwe agirati : Something Big is Coming.
Benshi bakaba narabakeje cane kubona bifadikanije kugira bakore ikintu benshi bizera ko coba ciza cane, eka ngo babandanije bakorana Sat- B yokora amavideo ari kurwego rudasanzwe kuko impano yuwo musore yemerwa nabenshi cane.
Mbega ubona uruhara rwa John Elart kuri Sat B hari ico rugiye kumufasha?
Raba Video kuri Youtube