Amakuru dukesha umwe mubakurikirana Umuziki w’uburundi Nelly Nat Aratangaza Ko urupfu rwa miss Erica rwoba rwatewe nuko yashatse gukorora Inda Hama bamujaba kwa muganga amaraso Menshi yamuvuyemwo.
Nelly Nat aragira ati: “Ntako atubabaje mugabo si vyobarivyo yuko yoba yakoroye inda y’umurundi mukwanka yuko umugabo yomuheba pls this is a big issue.
NB:harabo bambwiye kobari barikumwe iwe bamaranye imisi bamutwaye aruko vyanse kwivayo (ivirirana ry’amaraso menshi ) iyi nkuru irababaje birenze trop même Bell Nice désolé iyi dossier irashobora kugukwegera ntushobora kuba urikumwe n’umuntu arwaye ntimumutware kare kwa muganga mugaca mumutwara amaraso abaye menshi”
Nelly Nat arongera ati: “Hari Amakuru ndiko ndonka yuko belle 9ice nabo barikumwe boba bafashwe kumvo zuko bamutwaye harengeranye n’ibindi turiko tubikurikirana”
Mwibuke ko urupfu rwa miss Erica ataco turabimenyako ariko bamwe mubakurikirana umuziki wa 257 bipfuza kumenya icatumye uyu muririmvyikazi yitaba IMANA
Ariko ibinyamakuru biitandukanye bikanka bikomeza gutangaza iyo nkuru bitavuga imvo y’urwo ry’urwo rupfu kumakuru y’uno muririmvyikazi
Ariko igitangaje nuko ubu ivyo vyose bitakibarizwa kuri status ziwe za WhatsApp yaciye azifuta (Supprimer) tukaba tutaramenya icatumye abishira ahabona.