Kumugoroba wo kuri uno wa gatanu Igenekerezo rya 17 Gitugutu uyu mwaka wa 2023 abakunzi b’umuziki n’umuryango w’umuririmvyikazi Miss Erica yamenyekanye Ku Ndirimbo nyinshi zitandukanye zakunzwe bakiranye umubabaro mwinshi n’urupfu rw’uwo muririmvyikazi.
Ikinyamakuru Let’s tag kirahojeje umuryango Wa Miss Erica n’abakunzi b’umuziki w’uburundi muri rusangi; Akaba asize abana babiri, umwe yavyaranye n’umuririmvyi Sal-G Hamwe nuwo yaheruka kwibaruka yavyaranye n’umugabo w’umuzungu Bari bamaranye igihe Murukundo n’ibindi vyinshi mumuryango Ndetse no mumuziki w’uburundi muri rusangi.

