Hari kwigenekerezo rya 21 Mukakaro hari kuri Lycée SOS Aho insamirizi Buja FM yari iramutse ihimbaza Imyaka c’umi irangiye ikora, kakaba l’abbaye n’akaryo ko gukora Igiteramo bitiriye Dunda na Buja FM Kuncuro igira kabiri, Aho hari hatumiwe Abaririmvyi bitandukanye b’abarundi.

inyuma yico giteramo benshi mukaba mwarumvise ko hari ibitagenze neza nkuko abashoboye kwitabira ico giteramo bavyiboneye, mumpera yico giteramo haka a harabaye imishamirano bituma mbere haba nabaririmvyi bataririrmba.
B face akaba arume mubahuye n’ikibazo murico giteramo vyose akaba yagerageje kubisigura abicishije kurubuga rwiwe rwa Facebook Aho yanasavye imbabazi kumpende zose, akaba yagiye ati:
Mwaramuts mwese aho muherereye 🙌🙌 mumbabarire sinari bwaronke akanya ko kugir ico mvuze kuvyabaye kuri concert yateguwe na Buja FM icambere noherako nuko nobashimira bivuye kumutima kuk ivyo bakoze kumusi umwe vyari censé kuba nko mumisi 3 abaririmvyi barenga 30 kubajera ntivyoroshe arko barabikoze bigenda neza kndi bakoze ivyabandi badahora bakora reo nubwo atanyambo ibura agahonzi agakosa gato ntikatwibagiza vyiza twabanyemwo nabo dukorana mwubahwe cane 🙏🙏 ngireko mvuga no kuvyambayeko umuririmvyi wese yarafise 20min ya performance jewe nshikiriwe naraduz stage ndatanga show abafana banje bararyoherwa ngeze kumunota ugira 14 mbona gael araje ntazi iyavuye ashika amvugiramwo nanje ndiko ndaririmba nganiriza abafana numva ngo umwanya waw waheze na brutally nyinshi cane. kubisanzw mumico yabarundi ntamuntu avuga uwundi ariko aravuga kizira guciramwo umuntu urarindira agaheza canke ukamwegera murupfasoni ukamubwir mugutwi ivy ushaka kuvuga reaction yerekanye uyigira kurya aruko watanze remarque hama uw muntu akanka hama ukabona gufata ingingo arko jew ntamuntu numwe yigez ambwir ikintu na kimwe uretse ko nari ndindriye guheza iminota bampaye .kumbe ikibazo ntiwar umwanya natwaye ahubwo bari bafise permission yo gushika 22hr nanj nahashits 20h45 nar kuririmba 21hr top arko bampamagara 22hr .aho yaza kunciramwo ninzigo nyinshi ntiyigez ambwira ikibazo gihari kumb aba polic bari bahageze kugira bavyugare aho kumbwira murupfasoni ati baraj kuvyugara hama jenyene nkasezera nkikurayo we yaje amburira indero nanje ikintu kijanye nakagaye ntmuntu akinzanako utansiguriye ngo dutor inyishu ntamuntu anjaniranya ngo nemere nca nibuka ko Double-jay OnceAgain na Kirikou A Kili bari imbere yanje umwe wese yarashikanye 30min kuri stage ntamuntu numw yabavugishij arko jew kuri 14min baza kumpagarika ata raison nimwe .ico nakoze nabajije abafana nti mveyo cank mbandanye bose ngo bandanya nca ndababwir nti kizomere reo kive ngaha niririmbire kandi barakizomerey kbsa niho Frank directeur wa Buja fm hamwe na Lavista bambwir mugutwi bati raba usezere abapolic baj kuvyugara nca nibuka kandi ko lolilo hamwe na Satb batararirimba nca ndatanga micro ndavayo arko apana kubera Gael kandi apana kuber ko narengej umwanya .arko kuber mbona bambwiy raison yumvikana mbona kuvayo public yanje nayo iragumuka vyose birahagarara .reo origine ya vyose ni gael yabuz indero nabo bakorana bose baramubwiy bati uko siko bakura umuntu kuri stage uramwegera ukamubwir mugutwi akabona gusezera wamutahuje impamvu. kndi sinibza ko yitwaje umwanya cnk aba police asanzwe anyanka kandi cane ari mubantu drama t yahaye amahera kugira bancafuze cagihe na preuves zose ndazifise. directement nabonye umengo ayo mahera yabandi yariye aracayakorera intumbero yariyo kumaramaza acasanga jewe n abafana banje turi gado utumaramaje twebw tukumaramaza doublement 🤣🤣🤣ivyakurikiye nwarabibonye abantu mwese mwavuz ko ari jew nabigiz si jew ni gael yitway nabi nimba reactio yukwanka agasuzuguro nerekanye imbere y abafana mwayakiriye nabi mumbabarire arko ntamuntu jew andenganya ngo nemere .
Gahunda ni guc ‘intege abanc’intege gushikaho bacika intege zo kunc’intege canke banciye intege ndazisoneshe hama akazi kabandanye 🙌🙌🙏🤣🤣 uwuguhisha ko akwanka umwereka kubizi ivyo guhisha murabiguman mwebwe jewe aho kubibika ntaho mfise mperaheje nshimira umufana wanje ahari hose imana imuhezagire kuko hari attaque nyinshi ndonka arko abafana banje bakabona ko harimwo amanyanga bakanshikira bikarangira bamaramay mfs exmples nyinshi na preuves binashobots nzozitang cnk ndaziririmbe. ni hubahwe umufana wanje ahari hose amenye ko ari kumutima ❤️kandi hubahwe buja fm na team yose yayo havuyemwo gael gusa kuk ntaco mfis co kumushimira atar kumburira indero gusa nshimire kndi n abaririmvyi bagenzi banje bavyitwayemwo neza 🙏🙏 nandts vyinshi mwihangane uwo bigora gusoma azobisoma mum episode murakoze 🙏🙏🙏


Nakahe kajambo womubwira??