Mu majambo yiwe yagize ati: »Ndashavuye cane,mu ndoto nari mfise zari izo guhiganwa mu nkino za Jeux Paralympiques 2024 none sinkizitabiriye,ariko nashaka no gutahukana umudari nserukiye Uburundi ariko ntakundi ntibigikunze. » Icatumye Jean-Baptiste Alaize atazokwitabira iryo higanwa rigiye gutangura muri Nyakanga 2024,impamvu ni kubera ko urwego rw’igihugu rujejwe inkino z’abagenda ubumuga mu burundi rutamushize k’urutonde rw’abanonotsi bazoserukira Uburundi.Alaize yari yamenyeshejweko azosurukira igihugu c’amavukiro n’ishirahamwe ry’abagendana ubumuga(Comité Paralympique du Burundi)agatangazwa n’impamvu atashizwe Kuri urwo urutonde. Uwo akaba yavukiye mu ntara ya Muyinga,nyuma yaho aciye yerekeza mu gihugu c’Ubufaransa ari naho asanzwe aba muri Kino gihe. Jean Baptiste Alaize akaba yarigeze guserukira ubufaransa mbere yigenza na neza aho yatahukanye imidari itandukanye hamwe no kugira record mu gusimba ahantu harehare mu mateka y’isi ku batarenza imyaka 23,Jean Baptiste Alaize akaba ari mu banonotsi basimba kandi akiruka imetero 100 hamwe 200.
Add A Comment