Haraheze amasaha make umuririmvyi D One abicishije kurubuga rwiwe rwa Facebook amenyesheje ko ubu abarizwa mugihugu c’urwanda; Nkuko biboneka kurayo mafoto akaba yari mumboneshakure Ishusho Tv ikoreramwo umwigeme w’umurundikazi Christa Lionne yahoze anakorera ibinyamakuru bitandukanye bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi hano muburundi cane cane akaba yamenyekanye kukinyamakuru Buja Hit Tv, Uwundi vyabonetse ko barikumwe ni Cherissa asanzwe akorera imboneshakure BE Tv Burundi.



Kugera ubu D-One akaba atarashobora kumenyesha ikintu nyamukuru camujanye murwanda, aho abatari bake bakomeza kumusaba kuva murico gihugu akoranye indirimbo nabamwe mubaririmvyi babanyarwanda.
Mugihe abandi baririmvyi batandukanye b’abarundi murico gihugu hasa no muhira, D One ikaba ibaye incuro yambere ahonyoye murico gihugu.

