Inyuma yo kuva mu gihugu ca#Malawi mu nkino zo kurondera ubunganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika,kuri uwu wa gatatu, igenekerezo19 Nyakanga umwaka wa 2024,ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi#FIFA rwarasohoye urutonde rwerekana ukwo ibihugu canke imigwi nserukira bihugu irutanya ibibanza mu rukino rw’umupira w’amaguru.
Uburundi bukaba bwungutse ibibanza 3,bukaba bwisanze mu kibanza c’136 mu gihe mu rutonde ruheze bwahor mu kibanza ca 139.
Ivyo bikaba vyabaye inyuma yo gutsinda igihugu ca Malawi,ariko Uburundi bugatakaza imbere y’igihugu ca Sénégal,ivyatumye Uburundi bwunguka ibibanza 3 mu gihe igihugu ca Malawi yasubiye inyuma ibibanza 7,cahora mu kibanza c’ 126 ariko bisanze mu kibanza c’133) ariko igihugu ca Sénégal casubiye inyuma ibibanza 2 (cahora mu kibanza ca 19 ariko kikaba cisanze mu kibanza ca 22)
Igihugu ca Burkina Faso kizohura n’Uburundi mu kwezi kw’icumi caduze ibibanza 4, cavuye mu kibanza ca 67 kija mu kibanza ca 63.
Igihigu ca RDC cisanze mu kibanza ca 58 mu gihe igihugu ca Uganda kiri mu kibanza ca 90,Kenya mu kibanza c’102,Igihugu caTanzaniya kikaba kiri mu kibanza c’110,mugihe Igihugu c’Urwanda cisanze mu kibanza c’130 muri urwo rutonde ngarukakwezi.