Wumvirije ivyo Alvin Smith yavuze biboneka nkaho Melanin Boy ari mumakosa, Ngo yaramuhindutse kuko yamubereye igihemu bituma abikora uko atari yabipanze.
Ibiheruka kuba kuri Alvin Smith nurugamba rutoroshe, vyaramukomeranye agera naho arengenrwa
Inyuma yo gusohora indirimbo Nshaka kumera nkabandi yakoranye na Dj Fernando, indirimbo yiyamirijwe na benshi biturutse kukwagiriza Alvin Smith ko yafuse amajwi y’umuririmvyi Melanin Boy muriyo ndirimbo, ariko kandi hiyongerako icaha c’uko yakubise umufana w’uwo muririmvyi; Bimuviramwo gufatingwa ingingo zo kwiyamiriza iyo ndirimbo mukuyiposta kuma Page ya Facebook hamwe no kuyi Reportinga nkaho arindirimbo y’ibiterasoni.
Ivyo vyaragize ingaruka kuriyo ndirimbo kuko kuger’ubu iyo ndirimbo uyirondeye utayibona vyoroshe kuko bigusaba kwinjira muri Account yuyo muririmvyi ugaheza ukayisanga muyandi ma Video yiwe.
Alvin Smith akaba yari yemeye gutanga umuco kuvyabaye vyose kugira abafana bareke kumubona nabi, kumusi wejo abicishije muri Video imara iminota 26:21 kurubuga rwiwe rwa Youtube, yaragarutse kuvyagiye biraba, aho yatanguriye kugutanga umuco w’impamvu amajwi ya Melanin Boy yakuwe mundirimbo:
Muri make ngo indirimbo yakozwe abari bagize umurwi We Love Muzika bakirikumwe umurwi uhagaze neza, inyuma yigihe Alvin yagize iciyumviro co gukora amasanamu yayo atangura kurondera bano basore kugira bitegurire gufata amasanamu; Uwitwa Ferando yaramwankiye amubwira ko adashobora guhurira mundirimbo imwe na mugenziwe Melanin Boy, Alvin Smith biramutangaza kuko ivyo yumva bivurwa ko batandukanye yibaza ko aki ama Buzz.
Alvin Smith yegereye Melanin Boy aramuhishuka uko ibintu bimeze Melanin Boy yemera ko bokora iyondirimbo Fernando bakamwihoza anategeka alvin Smith kumuronderera umukobwa mushasha ataraboneka muyandi ma Video maze arabikora.
Ibintu vyahavuye bihindukira kuko Alvin yaje kubura Melanin Boy kuko yamuterefona akanamwandkira ntiyishure. Igihe kibaye kirekire ngo yahisemwo kubwira Fernando ko bokorana kumwe bari bavyumvikanye na Melanin Boy baraheza bakuramwo amajwi yiwe eka n’amasanamu arafatwa.
Ngo alvin Smith yatangajwe n’amajambo Melanini Boy Yanditse avuga k’umuhinganyuzi Joell yakuyemwo amajwi yiwe mundirimbo nkuko yabikoze kundirimbo Kode Ya Drama T na B face, Iyo ikaba yabaye imbarutso ya vyose.
Kukijanye numufana bivurwa ko yakubise ngo sivyo nta mufana yigeze akubita kuko atanivyemeza bihari, ngo irya Video yifashe avuga ko yakubise umufana yayikoze nka Show Biz ko atarivyo na gato.
Yarangije avuga ico agiye gukorera abo yise inkozi zikibi
aho avuga ko agiye kwitura ubutungane, yitwarire uwo wese yagize uruhara mwirwanywa ry’indirimbo yiwe ahereye kuri Melanin Boy ngo asigure nimba ataruhara yagize kuvyabaye, ubutungane nibwasanga Melanin Boy ariwe yategetse abafana biwe kugumuka ngo azobinanirwa bimwe vyakarorero
Ikindi nuko agiye kwitwarira abiyita aba promota bose barwanije irya ndirimbo, abayipostinze kumapage yabo n’abayi Repotinze bose kuko ngo amanimero amwe amwe ya Terefone aramaze kuba ayaronka; Eka ngo ariko aranasaba Youtube kumuha urutonde rwaba yi Repotinze kugira Youtube itangure igikorwa co gufuta ama Channel yabo hanyuma aheze abashengeze imbere y’ubutungane.
Vyabintu murumva ko bikomeye, Wawundi ngo umanika agatu wicaye mukukamanura ugahaguruka ntiyabeshe.
Niki wovuga kuriyi nkuru, Mbega Alvin Smith watahuye ko atakosa afise? Mbega ingingo yiwe urayishigikiye?
Raba Video