Abatari bake bari barindiranye igishika indirimbo « Nta Ga So » ya Double Jay arikumwe na Kirikou Akili hamwe na B Face On The Flow yaraye isohotse irikumwe n’amasanamu, yamara iyo ndirimbo ikaba isa niyigiye gutera ibibazo abo baririmvyi uko ari batatu.
Vyose vyatanguye igihe Double Jay yagiranira ibibazo n’umushoramari Dj Paulin bapfuye indirimbo « Sinokwirarana » uwo muririmvyi yakoranye na Jose Chameleon wo mu gihugu c’Ubuganda, Dj Paulin akavuga ko ariwe yarishe vyose kugira iyo ndirimbo ikorwe yamara Double Jay akaba yarabihakanye ndetse iyo ndirimbo ayishira kumbuga nk’indirimbo yiwe bwite, ariko Dj Paulin arayifutisha kuko yavuga ko iyo ndirimbo ariwe agomba kuyigirako ububasha.
Icuka cakomeje kuba kibi binatwara igihe kinini, munyuma Double Jay yatangaje ko indirimbo yiwe vyanka vyakunda Dj Paulin agomba kuyisubiza kurubuga rwa Youtube anamuha indwi zibiri ngo azobe yayisubijeko ariko Dj Paulin akaba yavyakiriye nabi anavuga ko akomeza kuburirwa indero bikomeye ko atarumuntu wo guha gasopo.
Abicishije muri Live k’urubuga rwa Tiktok, yaravuze ko yaronse amakuru ko abo basore batatu aribo Double Jay , Kirikou na B-Face bariko bakora indirimbo yo kumutuka anamenyesha ko umu Avocat wiwe abarindiriye mbere ko yasamye nka Crocodile(Ingona) ko iyo ndirimbo niyasohoka azoca yitura ubutungane.
Inyuma y’imisi mike cane, abo basore ntibatevye, barasohoye agace gato kiyo ndirimbo abatari bake baratangara ndetse babona ko abo basore badatinya vyukuri, ariko bagerageje kubwira abantu ko iyo ndirimbo ataho ihuriye na Paulin ahubwo ko arindirimbo ya Vibe yo mu Ci (Summer Vibe) ariko benshi bikaba vyarabagoye kwemera kuko hari amajambo ya Kirikou yumvikana muriyo ndirimbo avuga ko adatinya abantu, ayo majambo akaba bwari ubutumwa yigeze kugenera Dj Paulin mugihe icuka kibi hagati yiwe na Double Jay cari gitanguye maze murico gihe Dj Paulin avuga ko muri Rusangi Double Jay na Kirikou badafise indero.
Mugihe indirimbo yaraye isohotse benshi bagerageje kwitaho amajambo avurwa muriyo ndirimbo aho igizwe no guhamagara abagenzi kunywa, gutamba no kuryoherwa muri rusangi ariko hakumvikanamwo amajambo avuga ku bantu batega imisi abandi, abantu bacintege abandi canke bama bashaka kuba intambamyi y’iterambere ry’abandi vyukuri wumva ko ayo majambo hari uwuri kuyabwirwa , Ayo majambo ariko bikagora kwemeza ko vyukuri ari Dj Paulin ari kuyabwirwa kuko ayo majambo nawe woyambwira umuntu uzi yagomvye kukugirira nabi mu buzima.
Mbega n’igiki kigiye kubakwegera nk’icagiriji ya Crocodile yasamye ikabamira?
Kumwanya wa 2:11 haraboneka kirikou yambaye ipantaro iriko amafoto abiri imwe y’umugabo ataramenyekana asa nk’umuzugu, uwundi akaba ari Dj Paulin, n’ubwo batamuvuze izina muriyo ndirimbo, iyo sanamu ishobora kuba inkwezi y’amarere, wa mushingwamanza akaronka ico akorerako mukubashengeza ndetse kikaba n’icemezo ko iyo ndirimbo yagenewe Dj Paulin vyukuri.

Mbega Dj Paulin Aravugiki inyuma yuko iyo ndirimbo isohoka? Komeza kugendera uruburwa rwacu kugira wame uzi bishasha mu buryo buramvuye
Ugire n’icuvuga muri Commentaire, unatubwire uko wakiriye iyo ndirimbo.
Yirabe uciye ngaha