N’inyuma y’umwaka Tasha Oda Atanguye Gukorana n’umuririmvyi Alvin Smith muco yise LA VACHE ENTERTAINMENT ,n’inyuma y’umwaka nyene yaramaze Gusohora Indirimbo zishika Kuri 5
Haraciye ikiringo c’amezi 5 atagikorwa ashize kumugaragagaro Indirimbo yise « Collé serré » Niyo Ndirimbo aherukirako gushira ahabona arikumwe n’umuririmvyikazi Kellyna ninayo ndirimbo yanyuma aheruka Gukora muri LA VACHE ENTERTAINMENT.
Haraciye Imisi Tasha Oda atangaje ko atakibarizwa muri Label ya LA VACHE ENTERTAINMENT aho yagira ati: « Hello family nizere ko mumeze neza aho muherereye hose 🙏🏽
Just kubamenyesha yuko ntakibarinzwa muri management ya LA VACHE ENTERTAINMENT isanzwe irongowe na ALVIN SMITH. Imvo ninyinshi zatumye nshima guhagarika gukorana nawe nibindi biraboneka kuba maze amazi 6 ntasohoye igikogwa kandi muri contrat handitse ko nzoza ndasohora igikogwa mukwezi kumwe canke abiri bitevye🙏🏽 vuba ndabamenyesha kuri management nshasha tugiye kubandanya ibigikogwa bishasha, abakunzi banje mukomeze kuntera intege ndizera ko ejo hazoba heza murakoze Imana ibahezagire! »

Inyuma yaho Umuririmvyi Alvin Smith yaciye amwishura akoresheje ayo majambo nyene (Partage ya Poste) Aho Yagize nawe yagize ati : « Urumva wafashe ingingo utambajije jewe nka C.E.O wa LA VACHE ENTERTAINMENT okay it’s fine but don’t forget about our contract so If you want to be free and independent make sure you pay me 8.000.000 Burundian money then I will give you the access to your platform like youtube nibindi aho ndahejeje kuvuga kandi utabikoze ndakwitwarira🙌🏾 »
Inyuma yo kumusaba amafaranga angana n’imiriyoni umunani (8.000.000) kugira ngo ahabwe imbuga ziwe hamwe no guheraheza amasezerano Tasha Oda yongeye gutangaza avuga ko nyimba ashaka amahera nawe yomusubiza UBUSUGI bwiwe.
Abantu babandanya kwibaza bati Mbega Alvin Smith gufasha umuririmvyikazi Tasha Oda haba harimwo no Kuryamana?
Ivyo bikaba vyaje gusa nivyemeza abantu vyukuri ko uwo mwigeme yoba yahora aryamana na Alvin Smith mugihe batanguue gukorana mu kiringo Alvin Smith umubano n’umugore wiwe Nirnah utarumeze neza munyuma baranavana, ico gihe abantu bakaba bakomeje kuvugira mu ntamatama ko uwo mwana yoba amwikorako.

Benshi rero ivyo bivurwa bakaba batari kubiha agaciro k’uko ivyo barimwo bisa nkaho ari nko gucira inzira Indirimbo no kugarukana Tasha Oda Kumwanya nk’uko mubibona Kumbuga zabo, ufatiye kukuntu Alvin Smith mukwishura Tasha Oda agira Partage yivyo yavuze bisa nkivyo yama akora burigihe iyo uwo mwigeme apostinze amafoto muntumbero yo gushikana Page yiwe ya Facebook ubona ko abayikurikirana atari ikirenga.
Musomyi mbega weho Uremeranya Ijana kw’Ijana ko ibi bintu atari agakino barimwo ? Twagiye muri Commentaire