Kw’igenekerezo rya 9 ntwarante uyu Mwaka turimwo wa 2024 niho Umuririmvyi ALIKIBA Kiva Mugihugu ca Tanzania niho yakwiza imyaka 20 (20ans) ari Mumuziki muri iyo ntumbero akana yaciye yugurura N’ikinyamakuru kivanganye n’iradiyo ariyo CHROWN TV.
Mugihe Umuririmvyi Diamond Platnumz nawe afise imboneshakure Wasafi Media we asanzwe Ari Umuririmvyi akunzwe cane muri ico gihugu kandi bakaba Ari abaririmvyi batumvikana mugisata cabo c’imyidagaduro
Abenshi barashimiahwa n’intambwe Alikiba ateye aho ubona ko yashigikiwe n’abamwe mubarongozi b’Igihugu harimwo uwahoze atwara ico gihugu Umwubahwa Kikwete Hamwe n’abaririmvyi batandukanye nka Omy Dimpoz n’abandi mwijambo yashikirije Yavuze ko yuguruye ikinyamakuru c’abantu Bose kitari ic’umuryango wiwe gusa kkuko tubizi kubandi.
Ikibazo kiza mubakunzi b’umuziki w’uburundi Bagira bayi: “Kuber’iki Abandi? Tweho Habuze iki Kugirango umuririmvyi w’umuririmvyi yugirure business ikomeye nk’ikinyamakuru ndetse n’ibindi bivuye ijana kw’ijana Mumuziki akora?”.
Ego Barahari ababikoze turavuga nka August Burundi nyen’Ikinyamakuri Irebe Fm hamwe na Femi de Jabat Nyen’Iradiyo Na télévision RTBB, mbega iyo ntambwe bashitseko Umuziki woba Ufise uruhara rungana gute ?
Ndakwubutsa ko muri Abo baririmvyi Bose uko Ari Babiri basanzwe Bbakorera imirimo yabo hanze y’igihugu ndetse August Burundi afise n’igikorwa Aheruka gushira ahabona arikumwe na Kidumu KIBIDO yise VYIMAZEYO ushobora kumukurikira kurubuga Rwa YouTube.