Inyuma y’Imyaka 6 abaririmvyi Diamond Platnumz badacana uwaka na Harmonize kumusi w’Ejo baraye babonanye.
Nkuko musanzwe mubizi ko Idini ry’aba Islam n’abagaturika Bari mumafungo y’ukwezi kwose umukuru w’igihugu Ca Tanzania Madame Samia Suluhu Hassan yari yaramutse asangira n’aba Islams Bagenzi we ifutari.
Muri ukwo guhura harabonetse abaririmvyi Diamond Platnumz Hamwe na Harmonize icatangaje Benshi nuko habonetse video bariko bararamukanya bongera baganira ivyo bikaba vyashimishije Benshi mubakunzi babo.
Ni Harmonize nkwibutse ko yahoze Ari musi y’,uburongozi bwa Wasafi isanzwe iringowe na Diamond Platnumz ariko bakaba batabandanije neza.
Iwo muryango wa WCB Ukaba Ubu usigayemwo Diamond Platnumz,Mbosso,Lavalava,Zuchu ,D voice Twitege iki Inyuma y’ivyabaye Harico bigiye Guhindura hagati yaba baririmvyi ?