Ivyo twabonye kuri Sat B Ubu birigaragaje ku muririmvyi Davy Scott asanzwe ari umuririmvyi w’umurundi aba mugihugu ca Belgique yahoze ari muri Lebel ya M.A Production ubu Akaba afashwa n’umuhinyunyuzi w’amasanama azwi cane mu gihugu c’urwanda Bagenzi Bernard asanzwe afasha Umuririmvyi Davis D.
Vyamenyekanye ko Agiye kuboneka Mugiteramo Igenekerezo rya 5 nirya 6 Ukwezi kwa gatandatu uyu Mwaka nyene muri Sweeden Aho azoba arikumwe n’Ibindi bihangange vyinshi Mumuziki muri Africa nka Ruger kuva muri Nigeria ,Inno’s B kuva Muri RDC , Bruce Melody Kuva mugihugu c’urwanda n’abandi Benshi.
Ndabibutsa ko uyu Musore Davy Scott Aheruka kuduha indirimbo yise Fiver yakoreye Kugihugu c’ububirigi Aho asanzwe abarizwa kino Gihe.