Igihe kiraheze hasohotse indirimbo yitwa Naremeye, YAGO Pon Dat yifashishije Bushali muri ico gikorwa. Gusa, si yo yari intumbero ya mbere kuko yipfuza ko Ariel Wayz yoririmbamwo ariko biranka kuko Ariel Wayz Ntiyishimira impano ya YAGO Mugihe Abanshi bazi ko bahoze bameranye neza kubera inyungu buri umwe yakura ku wundi.
Ubundi Yago Pon Dat yahoze ari incuti n’ivyamamare hafi ya vyose vyo mu Rwanda ndetse no mukarere bitumwe n’urubuga akorerako kuko yatuma bamamaza ibikorwa vyabo.Umuntu wese ukurikira imyidagaduro yo mu Rwanda no mukarere azi neza uruhare rwa Shene ya Youtube y’uyu musore.
Vyabaye bibi ubwo yaronka amafaranga yigira inama yo kwinjira mu mukuririmba. Ba baririmvyi bahoze ari incuti z’akadasohoka, vyarabayobeye ukuntu yiyambuye umwuga w’itangazamakuru akinjira muvyo kuririmba.
Ariko hari indirimbo y’umurwi wahoze witwa Urban Boys baririmvye ko “Urwanira vyinshi ukabura na bike wari ufise, reka ivy’ishari utere Imbuto Haraho nawe uzokweza!”
Iyi ndirimbo rero ku bantu batayibuka yagiye hanze kw’itariki 6 Kanama 2015. Kur’ubu ubutumwa buyirimwo ni bwo bukwiriye gukoreshwa na buri wese uba mu ruganda rw’imyidaduro hano mu Rwanda ndetse no mukarere kuko umurima ni munini ariko usanga abantu barenga 1000 Bariko barima mumurima umwe Haraho bizoshika ukabura umurima Wawe Aho uherereye
Tugarutse ku mubano waje kuba mubi hagati ya Yago Pon Dat n’ivyamamare, uyu munsi duhereye kuri Ariel Wayz kuko Yago yigeze Kuvuga ko Hari Umuririmvyi yamugaye biboneka ko amufitiye agzshavu.
Hari n’abandi bahoze ari incuti n’uyu musore wahoze ari Umumenyeshamakuru, ariko bakaza gukuramwo akarenge kabo bakimara kubona ko abasanze mu kibuga bakiniramwo kandi na we bataramuteye ku mwanya yakiniramwo . Nta hantu na hamwe uzumva uku kutumvikana mw’itangazamakuru bivugwa na benevyo , ariko buri wese abibwira uwo aba yizeye
Ico Gihe YAGO Pon Dat yiyumvira gukora indirimbo yitwa Naremeye, umuririmvyi yatanguye kwiyumvira yari Ariel Wayz.
Yago rero reka yitwaze wa mubano yahoze afitaniye na Ariel Wayz ashake kubihuza n’akazi Mumuziki kandi ntaho vyari bihuriye. Yahamagaye Ariel Wayz amuha iciyumviro, maze aracakira ariko nyine ni kumwe wanka guhakanira umuntu ukamubwira ko nta kibazo kandi umutima wawe uziko bitazokunda. Bimwe Abarundi bita kwanga kwiteranya.
Igihe cyo gukora indirimbo carageze Yago Pon Dat ahamagara Ariel Wayz, umukobwa ugezweho amubwira ko afise ibintu byinshi arimwo adashobora kuboneka. Iyi nyishu ku bazi uko indirimbo ikorwa mwoca mutahura insiguro y’inyishu yashatse kumuha, kuko iyo Umuririmvyi aburiye mugenzi we umwanya ntabwo indirimbo ishobora kubaho.
Yago Pon Dat yahise yicara ariyumvisa aca ahamagara Bushali Umu raperi akomeye cane mu Rwanda. Nguko uko vyagenze ivya Yago Pon Dat na Ariel Wayz batagihuza kandi barahoze ari incuti z’akadasohoka.
Kumakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE.COM,Umumenyeshamakuru Akora mu biganiro vy’imyidagaduro kuri imwe muri televiziyo zo mu Rwanda yaganiriye na Yago Pon Dat na Ariel Wayz, yabwiye IGIHE ko aba baririmvyi bahoze ari incuti none Ubu batagicana uwaka Mugihe nuwo mumenyeshamakuru atigeze ashima kwivuga kuko atinya ko yohava atakaza ubugenzi bwaba baririmvyi uko Ari babiri.
Yagize ati ”Ariel Wayz jewe yambwiye ko adashobora guha ’collabo’ Yago Pon Dat. Kandi na Yago Pon Dat yigeze kumbwira ko yagerageje kwegera Ariel Wayz akamwima umwanya. Ni ibintu vyababaje cane Yago kuko yari azi ko umubano wabo ntakibazo kiwurimwo. Rero ntabwo uzosanga mw’itangazamakuru bivugwa ariko nukuri barashwanye. Kandi na bo nta hantu uzumva babivuga.
Musomyi mugerageje kuraba no kwumva indirimbo zabo baririmvyi Babiri mwibaza Ko Yoba yamwimiye iki Collabo??