Twifashishije amwe mumasanamu yashizwe kumugaragaro na Fanny Lavine aheruka kurushinga numukunzi wiwe Norasque, Imwe munkuru zavuzwe cane kuva hamenyekanye ivyurukundo rwabo, beretse abakunzi babo ndetse nabakurikirana cane imbuga ngurukanabumenyi ko urukundo rwabo rukumeza gusosa inyuma yo gukora ubukwe, aho aba bompi bakomeza kwerekana ko bakundana vyanyavyo muntumbero yo kumara amakenga abakomeza kubatega imisi ko batazorambana bivanye nuko uyu mugore yarasanzwe afise abana babiri bivurwa ko ivyurugo vyari vyaramunaniye, aya mafoto akaba yerekana ko bashoboye kugenda ahantu hatuje aho biboneka ko bagiraniye ibihe vyiza koko nkabakundana.
Aya mafoto Fanny Lavine akana yayaherekeje amajambo avuga ati:
« Amfashe neza egooo
Aruhura umutima wanje
Ubu nguwe neza egooo
Akaryosha ubuzima bwanje
Ingene ankunda nibisazi bikansiga ubwenge eka birarenze…🎶🎼🎼🎶
SOLUTIONCOUPLE
fearlessgeneration »







Mbega nakahe kajambo wobabwira?