Haraheze Imisi Itari Mike kurubuga rwa Facebook n’ahandi Hariko Havugwa Inkuru ya Nelly Nat , Gusto (Melanin Boy) , DJ Fernando Mugutera amajambo.
Vyatanguye Kera Aho DJ Fernando Yagiye kuri Stage Avuga ko Kadie key Atariwe namwandikiye Indirimbo yiwe Yise BELLISSIMA Hari mugikorane cari catunganijwe N’Insamirizi Kazoza FM muco bise Kasama song.
Inyuma yaho Nelly Nat n’abandi baragize ico babivugako bavuga ko Yataye indero kumuntu Asanzwe amusumba afise n’abana bangana.
Mundwi iheze niho twamenya ko umuririmvyi mugenzi wa DJ Fernando arwaye aremvye babuze nivyo Yoba arwaye ivyo tukaba twabimenye bivuye kuri Status (WhatsApp) y’Uno Mwigeme Nelly NAT Benshi bazi nka Queen of bizz. Abenshi bagirije Umuririmvyi DJ Fernando ko Yoba ariwe yaroze Mugenziwe ariko akabandanya avuga ko bamubeshera.
Ikibazo c’uko Badahuza Hagati Yabo Melanin Boy yaranditse agira ati : Ivyari kuguruka
Imana yavyimye amababa
uzobabona no muriduke🤏 bafise
bahakwa guhonyora kubandi.
Inyuma yayo majambo DJ Fernando nawe Yaciye yandika nawe agira ati : Tsinda ishavu
Mugenzi
Ucunwa amazi birahera
Musomyi Mbega Vyoba arivyo we love Muzika Yoba yarasambutse ? Uko ubibona hoba Hari ikihe kibazo kuri bano basore.

