Mugihe Teddy Smith Aheruka Gukora indirimbo akayita Afro rundi akayikorana n’umu hinyanyuzi Mushasha muri studio ya Bookiv Lebel Studio ariwe Jubu The Classic, indirimbo yumvikanyemwo ibicurarangisho vyinshi Kama vy’uburundi.
Umuhinyanyuzi Element Eleeeh Kuva mugwanda yahise atangaza ko Agiye gushira ahagaragara nawe iyindi Style nshasha izoba yitwa Afro Kago,
Joell Houghton nawe akaba Ari umuhinyanyuzi akomeye cane adakogwako amaze Gukora indirimbo nyinshi zashitse Kure Ubu asanzwe abarizwa muri studio Yiwe akaba yahoze muri Kuza Music nawe yahise atangaza ko Agiye Kuzana style nawe Yiwe izoba yitwa Afro Ntare.
Indirimbo yakweze ivyo vyose akaba Ari indirimbo ya Teddy Smith yise Distance Ikaba ibarizwa kurubuga rwiwe Rwa YouTube.